Uko wahagera

Impungenge z’Intumwa za ONU ku Burundi


Intumwa za ONU zatahukanye impungenge igihe zava mu Burundi. Inyuma y’ urugendo rw'imisi itatu mu Burundi, uwo mugwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU watahutse kw’igenekerezo rya cumi na gatatu ry’uku kwezi, ufise impungenge z'ibiriko biraba.

Mu kiganiro uwo mugwi wahaye abamenyeshamakuru, ari naco casozereye urugendo, Yohan Lovald, umunya Norvege arongoye izo ntumwa yatangaje ko basubiye inyuma bafise impungenge nyinshi cane, zifatiye ku ntambara zigiye kumara ukwezi zisubiriye kwaduka hagati ya reta y’Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL.

Mu rwandiko izo ntumwa zatangaje, ruvuga ko ONU ibabazwa cane n'abantu ibihumbi n'ibihumbi bata izabo. Izo ntumwa zateye akamo impande zose ngo zihagarike intambara, hanyuma zisubire mu nzira y'ibiganiro.

Mu misi itatu bamaze mu Burundi, babonanye n'abategetsi bakuru bakuru barongoye igihugu, abaserukira amadini, amashirahamwe ataho yegamiye, n'abatwara imigambwe iri mu Nama Nshingamateka. Leonce Ngendakumana, umukuru w'umugambwe FRODEBU avuga ko bose babashikirije ikibazo c'umutekano muke mu gihugu.

Inyuma y'imibonano, ziba izo ntumwa canke abo babonanye, bemeza bose ko bumvikanye ko intambara zitegerezwa guhagarara, kugira ngo Uburundi butumbere inzira y'iterambere. Umugwi w'abaserukira BINUB, abanyamigambwe, reta n'abigenga, umaze amezi hafi abiri ukora ku bibazo bikomeye mu Burundi. Raporo ku bikorwa vy’uwo mugwi bibandanya izoshikirizwa ishirahamwe ONU mu kwezi kwa gatandatu.

Ariko rero izo ntumwa zitahanye icizere c'uko abarongoye umuhari Palipehutu-FNL bagiye kuva muri Tanzania, bagatahuka mu Burundi bafise ishaka ryo gushira mu ngiro amasezerano biyemeje.

XS
SM
MD
LG