Uko wahagera

Yegereyegere Muri Kaminuza y’Uburundi


Abaporisi barakomerekeje abanyeshure bo mw’ishure Kaminuza bari mumyiyerekano bongera barafata n’abandi batari bake. Mu gitondo co ku musi wa gatatu, igenekerezo rya cumi na gatatu, ukwezi kwa gatanu, abaporisi bararashe amasasu hejuru, kugira ngo bashwiragize abanyeshure bo muri Kaminuza bari mu myiyerekano imbere y'ibiro vya UNESCO i Bujumbura. Abanyeshure barenga cumi bakomeretse bariko barahunga, abarenga mirongo itanu nabo barafatwa n'abaporisi.

Iyo myiyerekano yakozwe n'abanyeshure bo mu bisata bitandukanye vya kaminuza, ibaye inyuma y'imyiyerekano yo guhagarika ivyigwa muri kaminuza, mu bisata vy'ubuvuzi (INSP), n'abigisha (ENS) imaze indwi imwe. Abanyeshure basaba kwongerwa ibihumbi cumi ku gashara k'ibihumbi mirongo itatu na kimwe gashabwa umunyeshure ku kwezi.

Abo banyeshure bavuga ko umushikiranganji ajejwe indero yavyemeye mu kwezi kwa cumi na kabiri kw’umwaka uheze, ariko mu nyuma akihindukiza mw'ijambo. Umushikiraganji Saidi Kibeya nawe yisigura avuga ko ayo mafaranga yayemeye, kugira ngo yunganire mu vyerekeye ibifungurwa bihabwa abanyeshure bari mu buraro, kuko ibiciro ku masoko vyaduze cane.

Imyiyerekano yakozwe ahanini n'abanyeshure biga bataha, kubera ishavu batewe n'uko benshi muribo baba mu mazu bapanze, hanyuma amafaranga basabwa akaba yaradugijwe. Ikindi naco ngo n’uko barya basumye, kikaba arico gituma bakeneye kwongerwa ayo mafaranga ibihumbi cumi. Abanyeshure basanzwe bari m’uburaro nabo nyene nti bemera ko ayo mafaranga aja m’ubuyobozi bugaburira abanyeshure.

Mu Burundi amayegereyegere y'abakozi basaba akarusho ku mishahara avugwa mu bisata nka vyose.

XS
SM
MD
LG