Uko wahagera

Umugambi Ukomeye Werekeye Urugomero rw'Umuyagankuba muri Afrika


Abaserukira Amareta y’ibihugu indwi vyo muri Afrika n’amwe mu mabanki n’amasosiyete akomeye cane kw’isi barahuriye I Londres mu Bwongereza kugira baganire ku mugambi w’ukwubaka urugomero rw’umuyagankuba rukomeye cane kw’isi ku ruzi Congo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo. Igihe uwo mugambi uzoshigwa mu ngiro, uzokwongereza incuro zibiri umuyagankuba uboneka muri iki gihe mu karere ka Afrika.

Mu kiganiro Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko uwo mugambi ari mwiza.Amenyesha ko niyo uwo mugambi warangugwa bizokenegwa ko abanyafrika bisubirako bakagira umwimbu ukwiye kugirango bakoreshe uwo muyagankuba. Umushingantahe Nicayenzi avuga ko yamara hari abazokwumva uwo muyagankuba nk’umugani naho uzoba uzimbutse kubera ata buryo bazoba bafise bw’ukuwuronka.

Ku bwiwe kugirango umuyagankuba ugirire akamaro abanyagihugu, bategerezwa kuja mu bisagara, mu bigwati kubera uwo muyagankuba udashobora kujanwa ku muhana ku wundi umuntu aravye uburyo abanyagihugu bashwiragiye mu bihugu vyo muri Afrika muri iki gihe. Amenyesha ko muri ivyo bigwati boca bategerezwa kurima, kworora, guhingura n’ukugira amashirahamwe.Avuga ko kugira ivyo bishoboke, abanyafrika bakwiriye guhindura ingendo n'uburyo babaho.

XS
SM
MD
LG