Uko wahagera

Muri Amerika Abademocrate Bahiganwa Bitana ba Mwana


Abanyepolitike babiri bo mu mugambwe uharanira demokarasi bariko bariyamamariza ikibanza c'uwoserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu. Mur'iki gihe hiteguriwe amatora yo mu ntara ikomeye ya Pennesylvania, barabandanya gukuranako agashambara.

Ejo bundi ku musi wa gatatu, Senateri Hillary Clinton hamwe na Senateri Barak Obama, barishuye kuri television ibibazo vy'abamenyeshamakuru, vyerekeye imigambi bafitiye igihugu hamwe no ku birego vyagirizwa umw’umwe wese muribo.

Inyuma y'izo mpari, twaratumiye abahinga babiri mu vyerekeye politike, aribo Jean Paul Rwitana ashigikiye Senateri Hillary Clinton hamwe na Fabien Cishahayo, ashigikiye Senateri Barak Obama, kugira ngo baduhe ivyiyumviro vyabo k’ukuntu abo banyepoltike bavyifashemwo mur'izo mpari bagize kuri television hamwe n'ukuntu amatora ategekanijwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22, azogenda.

Abo bahinga mu vyerekeye politike baragize kandi ico bavuga ku birego vyashikirijwe kuri umw’umwe mur'abo banyepolitike bahiganwa, mu kiganiro Dusangire Ijambo mugiye kwumva:

XS
SM
MD
LG