Uko wahagera

Uburundi n’Ikibazo c’Umutekano muri Somalia


Uwundi mugwi w’abasirikare b’Uburundi uriko witegurira kuja muri Somalia. Abasirikare amajana umunani na mirongo itanu baherutse gutangura gukurikirana inyigisho zizobafasha gukora akazi ko guhagararira amahoro mu gihugu ca Somalia. Abegereye ibiro bikuru vy'intwaramiheto mu Burundi bamenyesheje kw’abo basoda bagiye kurungikwa muri Somalia kw'izina ry'ishirahamwe rya Afrika. Abemeza iyi nkuru ariko badashaka kuvugwa amazina, batumenyesheje ko inyigisho zizomara amezi atatu, zikazotangirwa mu makambi ya gisirikare y'i Gakumbu no ku Muzida.

Ivyo vyigwa ngo bishimikiye k'ubuhinga bwo kugwana, n’ingene bazokwifata mu bibanza bazoba bariko bakoreramwo muri Somalia. Abatanga iyi nkuru batubwiye ko itariki yo kugenda itaramenyekana, kuko uretse izo nyigisho, ngo hari n’ikibazo c'uburyo kitaratorerwa inyishu. Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza ngo ni vyo bihugu vyiyemeje gutanga no gushikana muri Somalia ibikoresho vya nkenerwa. Ariko abarongoye igisoda mu Burundi nti baramenya igihe ibikenewe vyose bizobonekera.

Abandi basirikare b'abarundi amajana umunani bamaze amezi ane bashitse muri Somalia guhagararira amahoro. Umusirikare umwe aherutse guhitanwa n’igitero c'abihevyi cabaye kw'igenekerezo ry’indwi, mur’uku kwezi kwa kane. Uwundi umwe yarakomeretse, abanya Somalia indwi nabo barahasiga ubuzima.

XS
SM
MD
LG