Uko wahagera

Perezida Nkurunziza  Muri Irlande y’Uburaruko


Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza yagiye mu rugengo rw'imisi itanu muri Irlande y’uburaruko. Imbere yo gufata indege, yabwiye abamenyeshamakuru ko agiye gusaba ico gihugu ngo gifashe Abarundi mu mugambi wo kunagura igihugu.

Perezida Nkurunziza yavuze ko azosaba abategetsi ba Irlande y’uburaruko gufasha Uburundi mu biganiro hagati ya reta n'umuhari Palipehutu FNL. Ivyo biganiro bikaba bisa n'ibiriko birikwega muri kino gihe abaserukira FNL bari bitezwe i Bujumbura bava i Dar Es Salaam muri Tanzania. Abaserukira umuhari FNL basaba kuronswa urupapuro rubaha ikigongwe c'agateganyo. Basaba k’urwo rwandiko rutomora neza izina rya Palipehutu-FNL, ariko reta yasohoye itegeko ry'ico kigongwe hatanditswemwo izina Palipehutu FNL kuko ngo ibwirizwa nshingiro ritemera umugwi canke umugambwe w'ubwoko bumwe.

Presida Petero Nkurunziza agendeye Irlande y’uburaruko, igihugu gikomeye cane mu vyerekeye idini ry’igiporoti, mu gihe adahengeshanya gutegura ibikorane, no kugendera amasengero y'abaporoti. Mur’ico gihe agenda arasigura ijambo ry'Imana, ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, bakaba basa n'uko basigaye ari abapasitori, nk’uko abarundi benshi babivuga.

XS
SM
MD
LG