Uko wahagera

Didace Kiganahe na Jean Minani Barafuswe mu Mugambwe FRODEBU


Biramaze kugaragara kw’imigambwe yo mu Burundi irangwa no gucanamwo. Mu mugambwe Sahwanya FRODEBU haraye hahagaritswe abashingamateka 2 bitwa ko bakomeye cane. Mu yindi migambwe, abadakuwe barahagarikwa mu kiringo kitari gito.

Abashingamateka 2 bo mu mugambwe Frodebu baraye bahagaritswe ni, Didace Kiganahe, asanzwe ari icegera ca kabiri c'umukuru w'Inama Nshingamateka na, Jean Minani, yigeze kurongora uwo mugamwe mu kiringo kirenga imyaka cumi. Icatumye bakurwa, ahanini ngo n’ukubera ko bagiye baritaba ibikorwa vyo mu nama nshingamateka, bagakwega n'abandi bashingamateka cumi kuri 25 bo muri Frodebu, kandi umugambwe wari watanze itegeko ryo kutitaba ivyo bikorwa. Pancrace Cimpaye umuvugizi w’umugambwe Frodebu avuga ko biyerekanye ko bakorera umugambwe uri k'ubutegetsi.

Didace Kiganahe umwe mu bakuwe, yisigura avuga ko iyo ngingo ijanye no kurondera ibibanza vyo gutwara umugambwe imbere y'amatora yo mu mwaka w’i 2010.

Cimpaye Pancrace nti yemera ko ingingo yafashwe yerekeye kugwanira ibibanza, ariko aremeza ko umugambwe Frodebu ukeneye kw’ibintu bihinduka; amategeko na demokarasi bikubahirizwa.

Ingingo yo gufuta abashingamateka Didace Kiganahe na Jean Minani yakurikiye ihagarikwa mu mugambwe ry'abashingamateka 10 n'umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yahoze atwara Uburundi. Bose bagirizwa gukora ibikorwa umugambwe wabujije. Ku bwa Didace Kiganahe umugambwe Frodebu uriko usamburwa n'abawurongoye.

Kuva aho umugambwe uri k'ubutegetsi utakarije igitigiri gikenewe kugira ngo amategeko atorwe, imigambwe itavuga rumwe na reta yatoye amategeko ar’uko yemerewe ivyo isaba. Mu biganiro vyagiye biraba, umugambwe Frodebu wavuye ku bashikiranganji batatu ija kuri 6, umugambwe Uprona nawo uva kur'umwe ija kuri batatu nk'uko amategeko yabiyirekurira.

Umugambwe Cndd-fdd wagiye urarondera abawushigikira, kugira ngo amatora atorwe. Abadatoye bitwa abansi b'umugambwe uri k'ubutegetsi, abatoye nabo bibujijwe n'umugambwe bakomokamwo bakitwa abahemukiye umugambwe.

XS
SM
MD
LG