Uko wahagera

Amakungu n’Ingorane zo mu Nama Nshingmateka y’Uburundi


Ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya rirahagaritswe umutima n'ingorane za poritike ziri mu Nama Nshingamateka y’Uburundi. Itangazo ry'uwuserukira Ubufaransa mu Burundi ryavuzwe ku maradiyo yo mu Burundi kw’igenekerezo rya 20 ry’ukwezi kwa gatatu 2008, riranegura ihagarikwa ry'ibikorwa vy’Inama Nshingamateka y’Uburundi.

Iryo tangazo riratera ivyatsi kandi ibitero vyakozwe ku nyubakwa z'abashingamateka mu ntango z'ukwezi kwa gatatu. Ubufaransa bwasohoye iryo tangazo kw'izina ry'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, ariko hari n’ibindi bihugu birenga cumi vy'I Bulaya bitari muri iryo shirahamwe, vyashize igikumu kuri iryo tangazo risaba abanyeporitike n'abatwara igihugu gushira imbere ibiganiro, demokarasi, intwaro ibereye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Urwo rwandiko rwibutsa ko vyose bitegerezwa gukorwa ku neza y'abanyagihugu Atari ku neza y'umuntu umwe gusa. Hagiye guhera amezi abiri atakazi gakorwa mu Nama Nshingamateka, kubera impari ku bibanza vy'ibiro birongoye urwo rwego. Ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya rivuga ko rihagaritswe umutima n'ibiriko biraba mu Burundi, rigasaba ko reta yorangiza ibiganiro n'umuhari Palipehutu FNL, kugira ngo Abarundi baronke amahoro arama.

XS
SM
MD
LG