Uko wahagera

Imfashanyo Yahawe Ishirahamwe OLUCOME mu Burundi


Ibiro vy'uwuserukira umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi biherutse gushikiriza imfashanyo ishirahamwe, OLUCOME, ryishinze kugwanya ibiturire.

Iyo mfashanyo y'agaciro kababa imiriyoni ijana z'amafaranga y'Uburundi, igizwe n'umuduga ushobora kugenda mu mabarabara ameze nabi no mu misozi miremire; imashini zo kwandika; radiyo zifata amajwi, n'ivyuma bifata amasanamu.

Ishirahamwe ONU ryacishije iyo mfashanyo m’ubushikiranganji bujejwe intwaro ibereye. Insiguro y'icatumye ishirahamwe OLUCOME rihabwa iyo mfashanyo, ngo n'uko iryo shirahamwe ryakoze cane mu vyerekeye kugwanya ibiturire, mu kudoma urutoke atagutinya ku barya ibiturire n'abanyuruza amatungo ya reta.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yarashimye iyo ngabire, aca avuga ko bibaha ingoga zo kubandanya igikorwa biyemeje, kandi ngo ubwo buryo bahawe buzotuma igikorwa cabo coroha kurusha. Ishirahamwe OLUCOME rimaze imyaka itandatu rivutse, kandi ivyo rimaze kurangura vyatumye reta igarura mu kigega amafaranga atari make yari yaranyurujwe. Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri, aramaze gupfungwa kubera akazi akora ko kudoma urutoke ku bafise akageso ko kurya ibiturire.

XS
SM
MD
LG