Uko wahagera

Ibitero ku Nyubakwa z’Abashingamateka mu Burundi


Ishirahamwe ONU n’Ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika biriyamiriza Ibitero vyabaye ku nyubakwa z'abashingamateka. Amatangazo yasohowe n’ishirahamwe ONU hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu Afrika I Bujumbura kw’igenekerezo rya cumi na kabiri ry’uku kwezi kwa gatatu, yibutsa reta ko ariyo ijejwe gucungera umutekano w'abanyagihugu, kandi kw'ico gikorwa gitegerezwa guhagurukirwa biboneka.

Mu nzandiko zashikirijwe ku maradiyo no mu binyamakuru, abategetsi b’ishirahamwe ONU n'ab’ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika baranebagura ibitero biherutse kuba ku nyubakwa z'abashingamateka. Basaba reta gutohoza neza kugira ngo ababikoze bafatwe kandi barengutswe imbere y'intahe. Ayo mashirahamwe asaba reta kwama ishira imbere ibiganiro, umutekano w'abanyagihugu no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Kw’igenekerezo ry’umunani, ukwezi kwa gatatu abantu bitwaje ibigwanisho barateye inyubakwa z'abashingamateka bamwe bamwe bakunda kunebagura amakosa akorwa na reta. Imbere y'impera z’umwaka w'i 2007, ibitero nk'ivyo vyarabaye ku nyubakwa z'abashingamateka batavuga rumwe na reta.

XS
SM
MD
LG