Uko wahagera

Abasirikare Basubizwa mu Buzima Busanzwe mu Burundi


Igitigiri c'abasirikare basubizwa mu buzima busanzwe mu Burundi kiguma ciyongera. Abasirikare amajana umunani bagiye gukurikira abandi bagwanyi barenga ibihumbi mirongo ibiri bamaze gusubizwa mu buzima busanzwe kuva mu mwaka wi 2003.

Ibibanza bitegekanijwe kwakirwamwo abo basirikare imbere y’uko basubizwa m’ubuzima busanzwe, ni Mabanda, Muramvya na Gitega. Abasubizwa m’ubuzima busanzwe baronswa amafaranga ari hagati y'ibihumbi amajana atandatu n'ibihumbi amajana atatu, bivuye kw'ipete y'umw’umwe wese.

Abajejwe kugira urutonde gw’abasirikare basubizwa mu buzima busanzwe bisunga ingingo nyinshi kandi zitandukanye. Mur’izo ngingo harimwo: kuba umusirikare yaravyisabiye; kuba yagirizwa ubusuma, kunyonora amatungo y’igihugu, canke yarapfuunzwe; kuba afise imyaka myinshi mu gisirikare, indero y’uwo musirikare, amagara atameze neza, n'ayandi makosa.

Abatari bake mu birukanwa, bidoga bavuga ko birukanywe kandi bagifise inguvu, abandi nabo bakavuga ko bahowe ko bava i Bururi mu bumanuko bw'Uburundi. Abategetsi b’ugwego gw’igisirikare bisigura bavuga ko barangura ico gikorwa k’umugaragaro bisunze ivyateguwe kandi bitomoye.

Abanyagihu twashoboye kuganira bavuga ko batewe umutima uhagaze n’abo basirikare birukanwa, kuko ubusuma bw'abitwaje ibigwanisho buca bwiyongera. Bavuga ko ata mugambi utomoye uriho wo kubakurikirana, kandi ngo biramaze kugaragara ko benshi mu basuma bafatwa, usanga ari abahora mu gisoda canke mu giporisi.

Ibanki y'isi yose isaba ko igisoda c'Uburundi gisigarana abasirikare ibihumbi cumi na bitanu gusa, mu gihe havugwa ko mur’iki gihe gifise abasirikare bashika hafi ibihumbi mirongo itatu.

XS
SM
MD
LG