Uko wahagera

Alice Nzomukunda m'Ubuhungiro


Umushingamateka Alice Nzomukunda aherutse gukugwa mu kibanza c'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nshingamateka yaraye ahungiye mu nyubakwa y'umwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Alice Nzomukunda ntavuga neza aho yahungiye, ariko yabwiye Ijwi rya Amerika ko yakinjuye kubera imvo z'umutekano muke. Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo ry’umunani mur’uku kwezi, abantu bitwaje ibigwanisho barateye ku nyubakwa zitatu z'abashingamateka batavuga rumwe na reta, harimwo n’inyubakwa ya Alice Nzomukunda. Inyuma y'ivyo bitero Alice Nzomukunda yagirije reta ko ariyo itegura ivyo yita ubugizi bwa nabi n'ugushaka kuzimanganya ubuzima bw'abanebagura amakosa reta ikora.

Umuvugizi w'ugwego gw’igiporisi yabariye abamenyeshamakuru ko amatohozwa ariko arakorwa kugira abakoze ivyo bitero bamenyekane. Alice Nzomukunda yavugiye kuri tereviziyo y'Uburundi kw'ivyo bitero vyabaye bamaze kumwaka abasoda bari basanzwe bamucungerera ubuzi, kandi ngo nta nsinguro n'imwe bamuhaye. Umushikiranganji ajejwe umutekano, Alain Guillaume Bunyoni, yisiguye avuga ko Alice Nzomukunda acungererwa ubuzima co kimwe n'abandi Barundi bose.

Hari haheze imisi abashingamateka mirongo ine na batandatu bandikiye ibaruwa umunyamabanga mukuru wa ONU ngo afashe Uburundi mu bibazo vya poritike n'umutekano. Mur’iryo kete basigura ukuntu umutekano wabo utifashe neza.

Alice Nzomukunda yakuwe mu mugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi mu kwezi kwa mbere, yagirizwa ko yataye akarangamutima k'umugambwe. Ariko wewe avuga ko yakuwe kubera ko atihanganira amakosa umugambwe ukora, harimwo kurya ibiturire no gutyoza agateka ka zina muntu.

XS
SM
MD
LG