Uko wahagera

Agateka ka Muntu mu Burundi


Raporo iheruka gutangazwa n'ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n'abanyororo mu Burundi imenyesha ko mu mwaka uheze wi 2007, mu Burundi bwose hafashwe ku nguvu abakenyezi bashika 384.

Abakoze ayo mabi ngo babiri n’abajejwe intwaro, mirongo itandatu na batanu n’abanyagihugu basanzwe, munani n’abaporisi, cumu na bane n’abasirikare, batandatu n’abagwanya ubutegetsi bitwaje ibigwanisho, mirongo itatu na batanu nabo nti bashoboye kumenyekana.

Iyo raporo irongera igatangaza ko mu bantu mirongo itandatu na batandatu bakubaguwe, batandatu muribo n’abakenyezi, abandi n’abagabo. Mu bakoze ayo mabi, mirongo itatu na batandatu n’abaporisi, cumi na batatu n’abasoda, cumu n’abagwanya ubutegetsi bitwaje ibigwanisho.

Raporo y’ishirahamwe APRODH ivuga kandi ko abanyororo babaye benshi, k’uburyo usanga abarenga ibihumbi icenda mu mazu yagenewe abanyororo ibihumbi bine. Iyo raporo itangaza ko abo banyororo babayeho nabi cane.

XS
SM
MD
LG