Uko wahagera

Igisata c'Abikorera ku Giti Cabo Caragize Intambwe mu Rwanda


Mu kiganiro Robert Bayigamba, ayoboye urunani rw’amashirahamwe y’abikorera ku giti cabo mu Rwanda yatangaje ko yishimiye intambwe zitandukanye urwego rw’abikorera utwabo rumaze kugerako mu gihugu.

Yatanguriye ku bigaragara mu kuvuga ko imitahe mu gihugu iriko iriyongera haba imitahe ivuye ku banyarwanda ubwabo canke abanyamahanga. Amenyesha ko muri rusangi iterambere ry’abikorera ku giti cabo rifise iyo rija mu Rwanda.

Bayigamba amenyesha ko iyubakwa ry’ikibanza bita mu rurimwi rw’igifransa, “Chambre Froide” kigenewe kubika ibidandazwa bishoregwa hanze bishobora kwononekara ningoga nk’amashurwe, imboga n’ivyamwa ku kibuga mpuzamakungu c’I Kigali cari gikenewe cane. Amenyesha ko ahubwo kwubaka ico kibanza vyari vyatevye kubera hari ibidandazwa vyinshi bishobora kujanwa hanze ku buryo bushobora gutuma igihugu canke abikorera ku giti cabo mu Rwanda bagahiganwa mu buryo bungana n’ibindi bihugu nka Kenya n’ahandi.

Robert Bayigamba arangiza avuga ko mu migambi mikuru mikuru bazoshomikira ko muri uyu mwaka harimwo ugushiraho ibigo bifasha abikorera ku giti cabo. Amenyesha ko biyemeje gushira inguvu cane muri ivyo bigo kugira bifashe abacuruzi mu kubaha amakuru n’inyigisho bakeneye ku vyerekeye ubucuruzi.

XS
SM
MD
LG