Uko wahagera

Imfashanyo Zihutirwa mu Burundi


Ishirahamwe ryitaho impunzi kw'isi HCR ryatangaje ko rikeneye vuba cane imiriyoni mirongo itatu na zibiri zo kwakira impunzi z'abarundi ibihumbi mirongo ine na bibiri biyandikishije ngo batahuke ku gushaka kwabo.

Mu gihugu ca Tanzania hari impunzi z'abarundi ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri bahunze mu 1972. Mur’abo hari ibihumbi mirongo irindwi na babiri bamaze gusaba ubwenegihugu bwa Tanzania, abandi nabo nti barajijuka ngo bemere gutahuka. Nk'uko Bernard Ntwari ajejwe kumenyesha amakuru muri HCR abivuga, uburyo bwihutirwa ngo buramaze kuboneka, kugira igikorwa co gutahukana impunzi z'abarundi kibandanye.

Igihu ca Tanzania catanze ikiringo c'amezi atandatu kugira impunzi z'abarundi zose zibe zatahutse mur'uyu mwaka w'i 2008. Kw’igenekerezo rya 25 uku kwezi turimwo, i Dar Es Salaam muri Tanzania hakoraniye inama ihuza ibihugu vy'Uburundi, Tanzania na HCR, kugira ngo barabire hamwe igikorwa co gutahukana izo mpunzi. Inama nk'izo zaragiye zirakorwa, ariko ico gikorwa cagiye kiragorana kubera imvo za poritike canke uburyo buke.

XS
SM
MD
LG