Uko wahagera

Kugwanya Malariya mu Burundi


Kw’ igenekerezo rya cumi n’ umunani z’ uku kwezi kwa kabiri, mu Burundi harahimbajwe umusi wahariwe kugwanya ingwara ya malariya. Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Dr. Dismas Baza arongoye igisata c’ ukugwanya ingwara zandukira n’ iziva ku gufungura nabi mu bushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’ abantu mu Burundi, yavuze ko ingwara ya malariya ibandanya kwiha inkumbi mu Burundi ariko ko ico gitigiri gitanguye kugabanuka kubera imiti mishasha yatanguye gukoreshwa mu kuvura malariya.

Dr. Baza avuga ko ibice mirong’ icenda kw’ ijana vy’ abantu bagwaye malariya bafashe iyo miti bakira. Dr. Baza avuga ko umugambi nyamakuru wa reta y’ Uburundi mu rugamba rwo kugwanya ingwara ya malariya mur’ uyu mwaka, ar’ uwo gukora ibishobotse vyose kugira ngo abantu bose bagwaye malariya bashobore kuronka iyo miti mishasha. Yamara avuga ko uwo mugambi utegerezwa kujana n’ uwusanzwe uriho wo kwigisha abantu ukugene bikingira ntibafatwe n’ iyo ngwara ya malariya.



...

XS
SM
MD
LG