Uko wahagera

Ubwicanyi mu Gisagara ca Gitega.


Mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, kw’igenekerezo rya cumi na kabiri, ukwezi kwa kabiri, mur’uyu mwka, abantu bitwaje ibigwanisho barateye mu bunywero bwo muri karitiye bita "Veterinere" mu gisagara ca Gitega. Nk'uko bivugwa n'abari mu batewe, abantu babiri barishwe, umwe arakomereka cane, hongera hibwa n’amafaranga atazwi neza igitigiri.

Igihe c'isaha zitatu z’ijoro, niho abantu bashika batanu bafise ibigwanisho binjira mur'ubwo bunywero bukunda kwakira abakozi ba reta bakora aho i Gitega, batangura kurasa amasasu menshi cane, bategeka abantu kuryama hasi mu gihe bariko barasaka. Tereviziyo yo mur'ubwo bunywero barayirashe icika ifu.

Abacitse kw'icumu baranegura inyifato y'abaporisi bavuga ko bari ku metero amajana atatu gusa, kuko batatabaye igihe igitero caba. Bavuga ko bashitse aho igitero cabereye inyuma y'amasaha abiri. Ngo bukeye niho bazindutse barakikuza karitiye bita Nyamugari iri hafi y'ahabereye ubwo bwicanyi, barayisaka, bafata ibigwanisho bitari bike hamwe n’abantu batagira ibibaranga.

XS
SM
MD
LG