Uko wahagera

Abamenyeshamakuru n’Umugwi Ukurikirana Itangazamakuru mu Burundi


Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi ABJ ririyamiriza umugwi mushasha w’igihugu ujejwe gukurikirana uburyo amakuru atangwa ariwo CNC. Umukuru w'iryo shirahamwe, Jean Paul Ndayizeye, asaba umukuru w'igihugu gusubiramwo igenwa ry'abategerezwa kurongora umugwi w'igihugu ujejwe gukurikirana uburyo amakuru atangwa.

Mu kiganiro Ndayizeye yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko kuri cumi na batanu bagize uwo mugwi, cumi n'umwe n’abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Kandi ngo barabivuga bakongera bakabigendera. Ku bw'uwurongoye ishirahamwe ABJ, ivyo ngo vyerekana ko bazohava bakorera umugambwe. Ikindi kibabaje kandi ishirahamwe ABJ ritemera, ngo n’uko ibice birenga mirongo umunani kw'ijana vy'abo bantu batazi ivyerekeye umwuga w’itangazamakuru.

Jean Paul Ndayizeye arongoye ishirahamwe ABJ yavuze ko agiye gusaba ashimitse ko abo bantu bagenwe n'umukuru w'igihugu bohindugwa hakongerwamwo abazi ivyerekeye umwuga wo kumenyesha amakuru. Umugwi CNC wegamiye ibiro vy’umukuru w’igihugu, niwo ufatira ibihano iradiyo canke ibinyamakuru, iyo wemeje ko amategeko yarenzweko.

XS
SM
MD
LG