Uko wahagera

Uburundi n’Ikibazo c’Uwuzorongora Ishirahamwe rya Afrika


Mu bahiganira kurongora Ishirahamwe rya Afrika, Uburundi bwashimye gushigikira uwashikirijwe n’igihgu ca Gabon mu kibanza c'uwo bwashikirije bwo nyene. Reta y'Uburundi yashimye gushigikira Jean Ping, umukandida w’igihugu ca Gabon mu matora ategekanya kubera i Addis Abeba muri Ethiopia, kw’igenekerezo rya 31 ry’uku kwezi kwa mbere.

Itangazo ryasohowe n'umushikiranganji, Afsa Mossi, ajejwe itangazamakuru, akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, rivuga ko Uburundi butagishigikiye Antoinette Batumubwira asanzwe ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, yari amaze igihe kitari gito ahiganira kurongora ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Insiguro zitangwa mur'iryo tangazo ngo n'uko abagenzi b'Uburundi n'abasanzwe babufasha babisavye. Kandi ngo n’igihugu ca Gabon carafashije cane mu kugarukana amahoro mu Burundi, mu kwakira ibiganiro bimwe bimwe vyagiye biraba. Ingingo ya reta y'Uburundi ngo izotuma imigenderanire hagati ya Gabon n'Uburundi ikomera kuruta.

XS
SM
MD
LG