Uko wahagera

Abaporisi Barafashe Ibigwanisho muri Kartier Mutakura, mu Micungararo y'Isagara ca Bujumbura.


Abaporisi barasatse abanyagihugu bo ku Mutakura mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 29 ukwezi kwa mbere, kuva kw'ibarabara rya cumi gushika ku rya cumi na gatandatu, bafata inkoho, amasasu menshi n'impuzu za gisirikare.

Mur'ico gikorwa kimaze kurangurwa cane muri karitiye ya Kinama bihana urubibe, abantu batagira ibibaranga barahagaritswe bajanwa mu giporisi. Abaporisi bavuga kandi ko bafashe n’inzandiko ziriko inyigisho z'umuhari Palipehutu-FNl wa Rwasa Agathon.

Mu makomine ya Kinama, Kamenge na Mutakura ari mu gisagara ca Bujumbura nta ndwi yijana hatavuzwe ubwicanyi canke ubusuma bukorwa hakoreshejwe inkoho. Abajejwe intwaro bagiriza umuhari Palipehutu-FNL, nawo ukagiriza abasirikare.

XS
SM
MD
LG