Uko wahagera

Presida Bush Yaraye Ashikirije Ijambo Abanyamerika n’Amakungu


Mw’ijambo Presida Bush yaraye ashikirije, yatanguye yibutsa igihe kihaciye ashikirije ijambo ryiwe rya mbere igihe yafata ubutegetsi. Presida Bush yameyesheje ko kuva ico gihe Reta Zunze ubumwe za Amerika zaciye mu ngorane zitari bwaboneke, zatumye nawe agira ingorane zikomeye zo gufata ingingo zerekeye guharanira amahoro no kuja mu ngwano.

Izo ngorane zavyuye ibibazo vyinshi bijanye n’ingorane z’ubutunzi mu makungu, amagara y’abantu, n’ukubaho neza kw’abanyagihugu. Presida Bush yavuze kw’ivyo bibazo vyasavye ko haba ibiganiro bikomeye, kandi ngo nawe yaravyitavye.

Presida Bush yavuze ko atahujije ivyiyumviro na bose, ariko ko yakoresheje ubwitonzi mu gushika kuco abanyagihugu bipfuza. Avuga ko yifatanije n’abanyamerika bose mu kwereka amakungu inguvu n’ishaka bashira mu guharanira intwaro yigenga.

Ijambo Presida Bush yaraye ashikirije abanyamerika n’amakungu ariryo bita “State of the Union Address” ribaye iryanyuma ashikirije imbere y’uko ashikiriza ubutegetsi mu mwaka uza.

XS
SM
MD
LG