Uko wahagera

Abarundi Baranegura Intwaro ya Perezida Bush


Mu gihe amatora y'abahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika abandanya, Perezida Bush nawe yaraye ashikirije ijambo ryo gusezera. I Bujumbura, mu Burundi, abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika babona ko Perezida Bush ata kintu kinini yaranguye mu vyerekeye iterambere.

Bamwe mubanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika, baha Perezida Bush amanota atandatu kuri cumi baravye ingene yarongoye igihugu. Mu bandi twahuye mu mabarabara ya Bujumbura atandukanye, bamwe barashima poritike yiwe mu vyerekeye umutekano, cane cane mu kugwanya iterabwoba kw'isi. Kwisuka mu vya poritike y'ibindi bihugu n'ukutitwararika iterambere biri mu bivugwa n'abo banyagihugu.

Reta ya Perezida Bush iherutse guha ibikoresho vya gisirikare abasoda b’Uburundi barungitswe guhagararira amahoro muri Somalia. Imbere yaho, abo basirikare bari baronkejwe inyigisho zatanzwe n'abahinga b'abanyamerika mu vya gisirikare. Ibiro vy'abanyamerika, USAID, bijejwe iterambere birafasha mu migambi imwe imwe y'iterambere mu Burundi, ariko abarundi benshi nti bawuzi.

XS
SM
MD
LG