Uko wahagera

Igitigiri c'Abaporisi b’Uburundi Ngo Coba Kitazwi Neza


Ugwego gw’igiporisi mu Burundi ruherutse gutanguza ibikorwa vya rusasuma, mu mugambi wo kumenya igitigiri nyakuri c'abaporisi b’igihugu cose. Iyo rusansuma ifise kandi intumbero yo kugabanya abaporisi gushika ku gitigiri kitarenga ibihumbi cumi na bitanu, nk'uko bisabwa n'Ibanki y'isi yose.

Abaporisi bose bari mu buruhuko barahamagawe ngo basubire ku kazi kabo, harimwo n'abahora bacungereye ubuzima bw'abategetsi canke abandi babisavye. Abarongoye ugwego gw’igiporisi baremeza ko hariho abaporisi bahembwa batari ku kazi,abandi nabo bakabandanya guhembwa barapfuye. Ivo bigatuma igitigiri kanuni kitamenyekana.

Iyo rusasuma ijanye kandi no kuraba amadosiye y'abaporisi. Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, avuga ko abaporisi bigenjeje nabi bazosubizwa m’ubuzima busanzwe. Ariko kandi naho atabitomora neza, ngo ubwoko buri muvyo bazoshimikirako, kuko amasezerano y'i Arusha atomora neza ibice vy'amoko bitegerezwa kuba bigize igiporisi n'igisirikare. Ayo masezerano aha ubwoko bwose ibice mirongo itanu kw'ijana.

XS
SM
MD
LG