Uko wahagera

Ikibazo c’Abasirikare b'Uburundi Bagiye Kurungikwa muri Somalia


Ku musi wa mbere igenekerezo rya 19/11/2007, vyari bitegekanijwe ko abasirikare b'abarundi bababa ibihumbi bibiri bafata indege baja muri Somalia. Ariko nti bagiye kubera ko abo basoda basavye kuronswa amafaranga yo gusigarana imiryango.

Abategetsi ba gisirikare bari batanze akaruhuko kur'abo basirikare bategerezwa kuja muri Somalia, ariko baranse gufata ako karuhuko, kuko bavuga ko badashobora kugenda muri Somalia badafise amafaranga basigarana imiryongo n'abavyeyi. Bavuga kw’iyo bagiye batazi ko bazogaruka kuko intambara zikomeye, none ngo bipfuza gusiga ico ababo boririrako mu gihe boshikirwa n'isanganya.

Umuvugizi wa gisirikare, Adolphe Manirakiza avuga ko ibintu vya nkenerwa vyose bimaze kuboneka, ariko ngo hasigaye ko igisoda c'Uburundi cumvikana n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, k’udushirukabute n'ayandi masezerano ajanye n'akazi. Vyitezwe kw’abo basirikare b’Uburundi bazogenda mur'ico gikorwa mu misi ya vuba.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika nizo zatanze uburyo bwinshi n'inyigisho, Ubufaransa nabwo butanga uburyo bwo kuzoshikana abo basoda muri Somalia gufasha kugarukana amahoro.

XS
SM
MD
LG