Uko wahagera

Umushinwa Yarishwe i Bujumbura


Umuntu aturuka mu gihugu c’Ubushinwa yaramaze imyaka myinshi mu Burundi adandaza inshato yarishwe n'abantu bitwaje ibigwanisho muri quartier indusrtiel mu gisagara ca Bujumbura.

Imbere yo gupfa, uwo mushinwa yarigwanyeko mu gukoresha bwa buhinga bita karate. Ariko kubera ko abo bantu bateye bari babiri kandi bafise ibigwanisho yararengewe. Mu nyuma baciye bahunga abajejwe umutekano batarahashika.

Ugwego gw’igiporisi rumenyesha ko rumaze gufata umwe mu bikekwa ko bagize ubwo bwicanyi. Umuvugizi w'ugwo gwego avuga ko amatohoza ya mbere yerekana k’ubwo bwicanyi bujanye n'ibintu boba bateye bari basangiye n'uwo mushinwa, ariko ngo ntawoshoka avyemeza cane.

Ubusuma bw'abantu bitwaje ibigwanisho bubandanya bwiyongera cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ku mabarabara, no mu bindi bisagara. Insiguro zitangwa n’ugwego gw'igiporisi ngo n’ubukene n'ibigwanisho bikiri mu banyagihugu.

XS
SM
MD
LG