Uko wahagera

Reta Nshasha Yararahiye Imbere y'Umukuru w'Uburundi


Reta nshasha y’Uburundi irimwo abakenyezi indwi ku bantu mirongo ibiri na batandatu bayigize, yarahiye imbere y'umukuru w'igihugu kw’igenekerezo rya cumi na gatandatu ry’uku kwezi kw’icumina rimwe.

Idarapo ry'igihugu, n'irya ubumwe bw'Abarundi mu ntoke, umushikiranganji wese yarahiye avuga ko agiye kugamburukira umukuru w'igihugu, kwubahiriza amasezerano y'ubumwe bw'Abarundi, n’ibwirizwa nshingiro, kugwanya ibikorwa vyose bishobora gutuma haba ihonyabwoko, no gukora imisi yose na hose ku neza y'abanyagihugu.

Ibirori vyabereye mu nama y'amakoraniro mu Kigobe I Bujumbura, imbere y'ivyegera vy'umukuru w'igihugu, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, abahoze batwara Uburundi, Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya, na Domitien Ndayizeye, n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Abantu benshi bavuga ko bafise icisere mur’iyo reta c’uko igiye gukora neza, kuko ngo umukuru w'igihugu yayishinze yisunze amategeko, kandi ngo ikaba ihurikiyemwo imigambwe yose ifise uburenganzira bwo kuja muri reta. Abandi bavuga ko igizwe n'abantu benshi, ngo bikazosaba amafaranga menshi reta idafise.

Iyo reta ifise ikiringo c'imyaka ibiri n'amezi atatu, kuko Abarundi bategekanya gusubira mu matora mu mwaka wi 2010.

XS
SM
MD
LG