Uko wahagera

Imishikirano ya President Nkurunziza n’Abakuru b’Imigambwe Mikuru


Mu Burundi, abakuru b’imigambwe itavuga rumwe na reta mikuru mikuru, bagize imisi babonana na President Nkurundiza, mu mugambi wo kwumvikana ku bategetsi boserukira iyo migambwe muri reta nshasha ishobora gushingwa.

Abarundi batari bake bavuga kw’iyo mishikirano ishobora gutuma ingorane z’ukutumvikana hagati ya reta y’Uburundi n’iyo migambwe zirangira. Yamara hari n’abandi badashigikiye iyo mishikirano kuko bavuga kw’abakuru b’imigamwe Frodebu na Uprona bashaka gukura mu bibanza bikomeye abategetsi batumvikana, kugira ngo basubirirwe n’abandi bategetsi bo mur’iyo migambwe bumvikana nabo.

Mu kiganiro Dusangire Ijambo twabateguriye kw’igenekerezo rya 27 z’ukwezi kw’icumi, twari twatumiye abashingantahe bakwirikira: Isidore Nibigirwa akomoka mu mugambwe Frodebu, Eddy Mbona akomoka mu mugmbwe CNDD-FDD hamwe na Fred Ngoga Gateretse akomoka mu mugambwe Frodebu, kugira ngo bagire ico bavuze kur’iyo mishikirano.

XS
SM
MD
LG