Uko wahagera

Igihugu ca Soudani n'Uburundi Vyemeranije Gufashanya Kurusha


Urwandiko rwasohowe na reta y'Uburundi kw’igenekerezo rya gatanu ry’ukwezi kw’icumi na rimwe, inyuma y'urugendo rw'imisi itatu umukuru w'igihu ca Soudani, El Bashir yagize mu Burundi ruvuga ko ugufashanya kugiye gukomezwa hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Mur'urwo rugendo, Prezida wa Soudani yemereye Abarundi kwinjira mu gihugu ciwe ataco basabwe. Yarongeye ashikiriza reta y’Uburundi imiduga itanu irimwo ibiri minini minini imwe bita "Bus". Izindi mfashanyo ngo zizoba zerekeye ibisata vya poritike, imibano, imico kama, indero, ubutunzi, n'ibindi bikorwa vya reta. El Bashir yiyemeje kandi kwubaka kaminuza y'aba Isiramu mu Bwiza. Igihugu ca Soudani ngo kirashobora no kuzofasha Uburundi mu myaka izoza kuronka ibitoro ku giciro gito. Ico gihugu kandi ngo kigiye gushorera Uburundi cane mu vyerekeye icayi n'ikawa.

Muri kahise, nta migenderanire Uburundi bwari bufitaniye na Soudani. Iyo migenderanire ikaba yatanguye aho umugambwe CNDD-FDD wahoze utwarwa na Hussein Rdjabu, umunywanyi w’idini rya Islamu, ugiriye ku butegetsi mu 2005. Perezida Petero Nkurunziza ari kumwe n'umukenyezi wiwe niwe yatanguye kugendera igihugu ca Soudani, hakurikira umushikiranganji wiwe. Abo bose barahawe ingabire y'umuduga. Prezida Bashir aherutse mbere no kurungika mu Burundi indege y'ubwoko bwa Antonov 30.

Ibinyamakuru bimwe bimwe nka “Arc En Ciel” vyanditse bivuga ko urugendo rwa Prezida wa Sudani rucafuza Uburundi, kubera abafasha Uburundi benshi banebagura poritike y'umukuru w'igihugu ca Soudani. Mu makuru radio RPA yagiye irashikiriza, igihe uwo mutegetsi yari mu Burundi, yarerekanye ko urwo rugendo ataco rufasha Abarundi. Ariko aba Isiramu n’abandi, abanyagihugu bandi vyasa n'uko ataco bibabwiye.

XS
SM
MD
LG