Uko wahagera

Amashirahamwe Atari Make Ategamiye Reta Arashigikiye Ihagarikwa ry'Akazi    


Mu gihe amashirahamwe y'abakozi mirongo ibiri n'ane asigaje amasaha mirongo ibiri n'ane nyene ngo ahagarike akazi nk'uko babimenyesheje mw'itangazo rimaze indwi risohotse, amashirahamwe yigenga mirongo ibiri na rimwe harimwo OLUCOME, ishirahamwe rirwanya kurya ibiturire no gusesagura amatungo ya Reta, amenyesha ko ashigikiye ibisabwa n'abakozi.

Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME yabwiye Ijwi rya Amerika ko reta ikwiye kurondera amafaranga yanyonowe aharurwa mu miriyaridi ijana na mirongo umunani na zitanu, kugira ngo abakozi baronke ivyo basaba kandi ngo birumvikana. Mw'itangazo ayo mashirahamwe yashizeko ibikumu, asaba reta kwemera kwicara hamwe n'abaserukira abakozi bakaganira vyose ata na kimwe banyegeje.

Amashirahamwe y'abakozi mirongo ibiri n'ane yanditse mu ntango y'indwi iheze, ko azohagarika akazi ku musi wa gatatu, mu gihe reta itokwerekana neza ingene izotanga vya bice mirongo itatu na bine kw'ijana umukuru w'igihugu yemera kwongera ku gashahara k'abakozi, kuva mu kwezi kw'indwi guheze. Ayo mashirahamwe asaba ko ayo mafaranga yoshirwa mu nteguro y'itegeko ritegekanya amafaranga reta izokoresha mu mwaka uza.

Umushikiranganji w'ikigega ca reta atahutse ava Washington, mu kigega mpuzamakungu FMI n'Ibanki y'isi yose mu ndwi iheze, yabwiye abamenyeshamakuru ko abakozi badashobora kuronka akarusho kemewe n'umukuru w'igihugu kuva mu kwezi kw'indwi, ariko ngo bishoboka mu ntango y'umwaka uza. Abakozi ishavu ryaciye rija mu mutwe, baca bategura guhagarika akazi kuva ku musi wa gatatu, igenekerezo ry’indwi ry’uku kwezi turimwo.

XS
SM
MD
LG