Uko wahagera

Amashure Menshi Yarirukanye Abanyeshure


Abigisha bo mu mashure yisumbuye ya reta baratanguye indwi igira gatatu bahagaritse akazi. Amashure menshi afise uburaro nayo, yafashe ingingo yo kurungika abanyeshure i muhira. Abajejwe ayo mashure bavuga ko badashobora kubandanya kugaburira abana batariko bariga.

Amashure yabaye ayambere mu kurungika abanyeshure i muhira, ni Lycee Burengo, Lycee Sainte Therese, na Lycee Musinzira. Lycee du Saint Esprit nayo, naho ataburaro ifise, abayobozi bayo babwiye abana kuguma muhira, gushika abigisha basubiye ku kazi. Yegereyegere y'abigisha yatumye abana bihereza amabarabara, kuko batagira ikibakurikirana. Ico ngo kikaba ari ikindi catumye barungikwa iwabo.

Philibert Ngezahayo atwara sendika y'abigisha bahagaritse akazi, avuga kw’Ibiganiro hagati ya reta y’Uburundi n'abaserukira abigisha bidatera imbere.

XS
SM
MD
LG