Uko wahagera

Abafasha Umuhuza i Bujumbura Bagendeye Abiyonkoye kuri Rwasa Agathon


Umugwi w'abafasha umuhuza Charles Ngkakula ahagarariye ibiganiro hagati ya reta n'umuhari Palipehutu-FNL baragendeye abagwanyi bavuga ko biyonkoye kuri Rwasa Agathon. Abahagarariye umuhuza bagendeye ibibanza bibiri, Rugazi na Randa, baherekejwe n'icegera c'umukuru w'ibiro vy'intwaramiheto z’Uburundi, Jenerari Majoro Godefroid Niyombare.

Intumbero zari zibiri: kuraba ingene abo bagwanyi bangana, n'ingene babayeho. Icibonekeje n'uko abo bagwanyi bavuye kuri Rwasa barenga igihumbi n'ijana mu Rugazi, bakababa amajana atanu kw'i Randa. Aho hose ni mu ntara ya Bubanza. Ivyigaragaje k’ukungene babayeho, n’uko bakeneye imfungugwa n'imiti.

Inyuma y'urugendo gw’abo bafasha umuhuza, ingingo yafashwe n’ukuronderera ikindi kibanza abo bagwanyi bavuga ko bashaka amahoro, bagakingirwa kandi bakagaburirwa. Icegera c'umukuru w'intwaramiheto mu Burundi yemeje kandi ko mu bikorwa wa mugwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano uzorangura, uzokwiga ikibazo c'abo bagwanyi. Ibikorwa bikaba bitegekanije gusubira gutangura ku musi wa gatandatu, n'aho intumwa z'umuhari Palipehutu FNL zitaremera kwitaba ivyo bikorwa.

Umwaka urarenze reta y'Uburundi n'umuhari wa Rwasa Agathon bemeranije amasezerano y'amahoro, ariko ntarashobora gushigwa mu ngiro. Amakungu n'abakuru bo mu karere k'ibiyaga binini batanze isango ntabanduka ryo kw’igenekerezo rya 31, ukwezi kw’icumi na kabiri, umwaka wi 2007, kugira ngo amasezerano azobe yashizwe mu ngiro. Abagwanyi barushe kubera intambara babandanya kuva mu muhari Palipehutu-FNL, ariko Agathon Rwasa umukuru w'umuhari abandanya yerekana ko akomeye.

XS
SM
MD
LG