Uko wahagera

Kuzana Umuyangankuba Ufatiye ku Muyaga mu Rwanda


Mu kiganiro Jackson Ndizeye, ayoboye ishirahamwe, “Rwindalectric INC”, rijejwe kuzana ubuhinga bwerekeye umuyagankuba ufatiye ku muyaga mu Rwanda avuga ko imigambi y’ishirahamwe, “Rwindalectric”, rimaze gufata umurongo mwiza na cane cane ko baherutse kugura icuma gikenewe cane kuruta ibindi vyuma bakeneye kugura muri iki gihe bakiri mu ntango z’umugambi wabo. Ico cuma kikaba arico bwonko bw’ubwo buhinga bw’ukuzana umuyagankuba ufatiye ku muyaga. Ico cuma caguzwe amafranga arenga amadolari ibihumbi amajana abiri.

Ku vyerekeye ikibazo c’umuyaga, Ndizeye avuga ko hari umuyaga ukwiriye mu Rwanda. Yatanze iki kiganiro kugira ahumurize abafise amazinda kuri ico kibazo. Avuga ko ahantu hose hari ikiyaga kw’isi haba hari umuyaga. Ngo ico rero s’ikibazo kuriwe.

Ndizeye avuga ko bahisemwo umuyaga kubera bashaka isoko ntanganguvu bamenyeye. Iyindi mpamvu yatanze nuko bashaka gushimikira ku kintu gitandukanye n’ivyari bihasanzwe. Amenyesha ko muri kahise k’Urwanda n’Uburundi ata na rimwe bigeze bibaza amasoko ntanganguvu afatiye ku muyaga.

Arangiza avuga ko kuzana umuyagankuba ufatiye ku muyaga bizofasha mu majambere y’Urwanda.

XS
SM
MD
LG