Uko wahagera

Ubudandaji Hagati ya Afrika n'Ibihugu vya Bulaya, Ivyo Uburundi Busaba


Bitegekanije ko amasezerano yo guhanahana ibidandazwa hagati y'ibihugu vya Afrika na Caraibe n'ishirahamwe rya Bulaya ashirwa ko ibikumu kw'igenekerezo rya mirongo itatu na rimwe, ukwezi kw’icumi na kabiri, umwaka wi 2007. Ariko bias n’uko reta y’Uburundi igifise amakenga menshi, kandi ngo hariho ivyo igisaba ishirahamwe rya Bulaya.

Ustella Nicayenzi, umushikiranganji ajejwe imigambi y’ubudandaji n'amahinguriro, aherutse kubwira abakenguzamateka bari bamutumyeko kugira ngo bamwumvirize, ko reta yibaza ko idashobora kwemeza amasezerano yo guhanahana ibidandazwa n'ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya imbere y'igenekerezo rya mirongo itatu na rimwe, ukwezi kw’icumi na kabiri, umwaka wi 2007, ngo kuko ibona ko ata kunguko yokuramwo, bivuye ku kutagira ibidandazwa ishora. Reta y’Uburundi isaba ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya kubanza gufasha mu migambi yo guteza imbere amahinguriro yo mu Burundi, kuyanagura, guteza imbere imigambi y’uburimyi, ibisata vy'amabarabara n'umuyagankuba, kugira ngo Uburundi nabwo buronke ivyo bushora aho kwama buteze amaboko gusa. Abakenguzamateka basavye kwitondera ico kibazo.

Imbere y'uko reta y’Uburundi ivuga aho ihagaze, amashirahamwe yigenga yarandikiye umukuru w'igihugu, amusaba kudashira igikumu kur’ayo masezerano yo guhanahana ibidandazwa n'ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya. Ayo mashirahamwe yavuze kw’ayo masezerano yosubiza inyuma cane abadandaza b'Abarundi n'Uburundi. Uburundi bushora hanze ikawa n'icayi. Ariko umwimbu w’ivyo biterwa waragabanutse cane kubera intambara yatumye n’ubutunzi bw’igihugu busubira inyuma.

XS
SM
MD
LG