Uko wahagera

Umuvugizi w'Umugambwe FRODEBU mu Mwidegemvyo


Pancrace Cimpaye, umuvugizi w'umugambwe Sahwanya FRODEBU, yaravuye mu kinyegero yari amazemwo indwi zitandatu. Yahunze ariko akurikiranwa n'igiporisi c'umukuru w'igihugu, mu biro vy'iperereza.

Ingingo yo kumureka ngo asubire kuja ahabona yafashwe n'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza, ariko vyasabwe n'abarongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU, mu biganiro bagiranye n'umukuru w'igihugu, kugira ngo barabe ingene umugambwe FRODEBU wokorana neza n'umukuru w'igihugu, mu gufasha kugira amategeko yemezwe, no gufasha mu mugambi wo gutorera umuti ingorane ziri mu gihugu. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya gatandatu ukwezi kw’icumi, niho Pancrace Cimpaye yamenyeshwa iyo ngingo.

Pancrace Cimpaye yavuze ko gusubira ahabona ari vyiza, ariko ngo igikenewe n'uko umutekano wogaruka mu gihugu cose, agateka ka zina muntu kakubahirizwa kuri bose. Abarongoye FRODEBU barashima ingingo y'umukuru w'igihugu. Frederic Bamvuginyumvira, icegera c'umukuru w'umugambwe avuga kw'iyo ngingo yerekana ko ibiganiro bariko baragirana n'umukuru w'igihugu biriko biragarukana umwumvikano hagati ya FRODEBU n'abarongoye igihugu. Kandi ngo bagiye gukorana mu gutorera umuti ingorane zibangamiye igihugu.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya gatandatu ry'uku kwezi, umugambwe FRODEBU wari waramutse mbere utunganya ikoraniro kaminuza ry'umugambwe, kugira usigurire abarongoye umugambwe mu gihugu cose aho ibiganiro n'umukuru w'igihugu bigeze. Leonce Ngendakumana yamenyesheje ko umugambwe Frodebu witeguriye kwinjira muri reta aho bazoba bafise abashikiranganji batanu.

Uretse ibibanza vyo muri reta, inkuru zitangwa n'abari mu biganiro badashima kuvugwa amazina, zimenyesha ko umugambwe Frodebu uzoronswa intara zine n'ibindi bibanza mu mashirahamwe ya reta no mu baserukira Uburundi mu makungu. Umugambwe Frodebu wabaye uwa kabiri mu matora, wari waranse gufasha reta mu gutora amategeko, ugasaba kuronswa ibibanza mu nzego, no kwumvirizwa bikwiye. Bitegekanijwe ko mu misi ya vuba Perezida Petero Nkurunziza azoshinga reta nshasha.

Pancrace Cimpaye yasubiriye kwidegemvya ku musi wa gatandatu uheze. Yagiye mu kinyegero akurikiranwa kubera ivyo yanditse k'ubutetsi, mu kinyamakuru ca Frodebu "Aube de la Demokarasi".

XS
SM
MD
LG