Uko wahagera

Abagwanyi Barabandanya Kuva mu Muhari Palipehutu-FNL


Kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kw’icumi, mw'ijoro ryo ku wa mbwere rishira uwa kabiri, i Musigati, mu ntara ya Bubanza, mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi, abagwanyi ba Rwasa Agathon arongoye umuhari Palipehutu-FNL baratanye mu mitwe. Iyo ngwano yahitanye abagwanyi babiri.

Mu gatondo ko ku musi wa kabiri abagwanyi bashika mirongo ine na batanu bavuga ko bashaka amahoro barishikanye mu minwe y’abajejwe intwaro, ku mugwa mukuru wa Bubanza. Bari bafise inkoho zibiri na grenade mirongo ibiri.

Iyo migwi ibiri y'abagwanyi yatanye mu mitwe kubera ko itabona kumwe ikibazo c’ibiganiro vy’amahoro. Bamwe bavuga ko bipfuza kw’intambara ihagarara, bakaganira bidatevye, abandi nabo bagashaka kubandanya intambara naho bavuga ko batanka ibiganiro. Abambere bavuga ko bavuye inyuma ya Rwasa Agathon, abandi nabo bakavuga ko bakiri inyuma yiwe.

Abiyonkoye kuri Rwasa Agathon bashika amajana atanu begeranirijwe i Musigati. Inkuru zitangwa n'abo bagwanyi zivuga ko n'abandi bari inyuma baza, ariko abagishigikiye Rwasa Agathon nti bahengeshanya gutera abo babasiga ku rugamba.

Abagwanyi ba Rwasa Agathon bamaze umwaka barindiriye ishigwa mu ngiro ry'amasezerano. Bari barahagaritse intambara, ariko kubera kubura ivyo barya, barabandanya gusahura abanyagihugu no ku ma barabara.

Ishigwa mu ngiro ry'ayo masezerano rigorana ahanini kubera umuhari Palipehutu-FNL utaramenya neza ibibanza uzohabwa mu nzego z’igihugu, ibibanza n'amapete mu vya gisirikare, hamwe n'ukwemererwa kuba umugambwe.

XS
SM
MD
LG