Uko wahagera

Imigenderanire ya Tanzania n’Uburundi.


Ibrahim Musaba umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire mu karere k'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika ari mu rugendo mu Burundi, aho bagenzi we ba Kenya n’Ubuganda bazomusanga ku musi wa gatatu, igenekerezo rya gatatu ry’uku kwezi.

Urwo rugendo ruri mu ntumbero yo gufasha Uburundi kwiga neza imigambi yoshikirizwa ishirahamwe ry'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika, kugira Uburundi bushobore kuronka akarusho inyuma y'aho bwinjiriye mur'iryo shirahamwe.

Abo bashikiranganji bazogendera ihinguriro ry'ibinyobwa BRARUDI, ikivuko ca Bujumbura, n'ishure Kaminuza. Ishirahamwe ry'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika ryipfuza gufasha mu vyerekeye inyubakwa n'amabarabara, gushigikira amahoro, no gusubiza hamwe.

Umushikiranganji Khalenga Ramadhani yakiriye mugenzi we aremeza ko Uburundi buzoharonkera akarusho, kandi ko abo bashitsi bazosubira inyuma bahawe imigambi itomoye reta yipfuza kurangura. Kuva Uburundi bwinjiye rwose mur'iryo shirahamwe, abadandaza bavuga ko ata karusho barabona. Abo bashitsi bazobonana n'abadandaza b'abarundi, kugirango bavugane ingorane bagira. Ariko ingorane ihambaye bafise, n'uko ata bushobozi nk'ubwo abadandaza bo mu bindi bihugu bafise.

Abo bashitsi bavuye mu Burundi ku musi wa gatanu, bazoca babandaniriza urugendo mu gihugu c'Urwanda mur'iyo ntumbero nyene.

XS
SM
MD
LG