Uko wahagera

Umugambi w'Ukwubaka Ihinguriro ry'Isukari muri Kenya


Umigambi w’ukwubaka ihinguriro ry’isukari mu kiyaya c’uruzi Tana mu gihugu ca Kenya, vyatumye haba amatati hagati y’imigwi y’abashigikiye ibidukikije n’abategetsi bajejwe ivyerekeye ubutunzi. Abagwanya uwo mugambi bavuga ko ushobora kugeramira ikiyaya c’uruzi Tana, kibamwo abantu bakavukire, igitigiri kinini c’iyonyi, ifi n’inguge.

Muri uyu mwaka, ibiro bijejwe gukwirikirana inyoni, “Mwamba Bird Observatory Field Study Center” bitangaza ko vyaharuye inyoni zo mu mazi ibihumbi cumi na bitanu ziri mu bwoko bw’inyoni mirongo itandatu n’icenda muri Kenya.

Colin Jackson aheruka guharura izo nyoni ari mu bagwanya umugambi w’ukwubaka ihinguriro ry’isukari mu kiyaya c’uruzi Tana, avuga ko itohozwa ryagizwe ryari ryerekeye ibice 15 kw’ijana gusa vy’ikiyaya c’uruzi Tana. Aragabisha ko ihinguriro ry’isukari rishobora kugeramira intara yose y’igihugu ca Kenya iri ku nkengera z’ibahari Indien.
Ivyerekeye ikiyaya c’uruzi Tana n’ikimenyetso c’ibibazo bigeramiye igihugu ca Kenya n’akarere ko mu buseruko bwa Kenya.

Naho iyo ntara irimwo ibintu bitari bike biteye igomwe mu vyerekeye ibidukikije, n’akarere karangwa n’ubukene bukomeye, mu bituma abantu batari bakenera iterambere mu buryo bwihutigwa. Abashigikiye umugambi w’ukwimbura isukari muri Kenya bavuga ko ari ikintu gishobora gufasha cane amashirahamwe ahingura isukari mu bishobora gutuma haboneka ubuzi burenga ibihumbi mirongo ibiri mu ntara y’uruzi Tana ikenye cane mu gihugu ca Kenya.
Abanebagura imigambi yerekeye iterambere mu karere k’uruzi Tana bavuga ko batagishijwe inama ku migambi yategekanijwe ku vyerekeye isukari.

XS
SM
MD
LG