Uko wahagera

Ikibazo c'Ihindagurika ry'Ibihe muri Afrika


Mu gihe abakuru b’ibihugu bitandukanye vyo mu karere ka Afrika bitavye inama yateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U i New York yabaye ku musi wa mbere w’iyi ndwi ku vyerekeye gutorera inyishu inyihsu ikibazo c’ukwiyongera kw’isi, abahinga n’abaserukira amashirahamwe y’abanyagihugu mu karere ko muri Afrika bavuga ko umwimbu w’ibifungugwa, ubuzima bw’abantu n’imihana mu karere ka Afrika vyasambutse kubera Amareta yo muri Afrika ata na kimwe yakoze.

Michel Boko, umuhinga wo mu gihugu ca Benin akwirikirana ivyerekeye ibihe, akaba ayoboye abagira ubushakashatsi ku karere ka Afrika mu mugwi w’abahinga mu vy’ubumenyi b’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U biga ivyerekeye ihindagurika ry’ibihe, avuga ko yaciwe inkokora n’amareta kubera ata ngingo afata ku bushakashatsi bw’abahinga mu vy’ubumenyi butangaza ko ihindagurika ry’ibihe ariryo rituma ivyaduka bitari bike vyibonekeza muri ibi bihe.
Boko avuga ko bagira ivyo bashoboye ngo yamara ntibashobora gutegeka abategetsi b’amareta yo muri Afrika gukoresha ivyavuye mu bushakashatsi bwabo mu gihe batemera ibivuye mu bumenyi. Ngo nico kibazo. Ntiyibazako mu vy’ukuri bazokoresha ibivuye mu bushakashatsi.

Ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe kivugwa ko gitegwa n’ukwiyongera kw’ubushuhe buva ku myuka ya, “dioxyde de carbon” irungikwa mu kirere abahinga mu vy’ubumenyi bavuga ko vyongereza ingaruka z’uruzuba n’imvura itera umwuzurane ukomeye w’amazi.

Abahinga mu vy’ubumenyi bo mu mugwi w’ishirahamwe O-N-U ukwirikirana ivyerekeye ihindagurika ry’ibihe baragabishije ko ihindagurika ry’ibihe bishobora kugabanya umwimbu w’ibifungugwa muri Afrika mwo kubiri mu myaka yimirije. Bamwe mu bahinga mu vy’ubumenyi bavuga ko umwuzurane w’amazi ukomeye wabaye muri uyu mwaka watumye abantu barenga umulioni bava mu zabo, wica abandi amajana n’amaja wongera utuma indwara za kolera na malaria zikwiragira bitewe n’ihidangurika ry’ibihe.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon ariko asaba ko haba ibiganiro ku masezerano mpuzamakungu mashasha ku vyerekeye ibihe bigenewe gusubirirra amasezerano y’i Kyoto yabaye hagati y’ibihugu birenga ijana na mirongo itandatu ku vyerekeye kugabanya imyuka ya, “dioxyde de carbone” irungikwa mu kirere, amasezerano azorangira mu myaka itanu yimirije.

XS
SM
MD
LG