Uko wahagera

Umukuru w'Umugambwe UPRONA Imbere y'Inyamiramabi


Kw’igenekerezo rya 24 ukwezi kw’icenda, Aloys Rubuka arongoye umugambwe UPRONA yazindute yitaba umutahe w'abajejwe ibiro vy'inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura, aho yamaze amasaha arenga abiri yumvirizwa.

Igihe c'isaha indwi, niho Aloys Rubuka yasohoka ava mu biro yariko abarizwamwo, aho ata mumenyeshamakuru canke uwundi muntu yashobora kwegera canke ngo yinjire. Baba abajejwe igiporisi canke Aloys Rubuka we nyene nta numwe yasiguriye abamenyeshamakuru bari baje kurondera inkuru, icatumye umukuru w'umugambwe UPRONA arengutswa.

Ico bikoze, uko kurengutswa kubaye inyuma y'aho Aloys Rubuka akoreshereje inama y'urwego rukuru rw'umugambwe, kw'igenekerezo rya 15/09/07 kandi ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati n'umutekano bwari bwabujije iyo nama. Insiguro yatangwa n'uko abarongoye umugambwe, umukuru w'umugambwe n'icegera ciwe batumvikana kw'igenekerezo iyo nama yoberako.

Kuva aho ihagarikwa mu mugambwe ry'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu rivugiwe, umugambwe UPRONA waranzwe no kutumvikana. Havugwa abaporona bashigikiye Rubuka n'abaporona bashigikiye Martin. Mbere no kw’igenekerezo rya 23 ry’ukwezi kw’icenda, iyo migwi ibiri yahimbarije mu bibanza bibiri bitandukanye, imyaka mirongo ine n'itandatu irangiye umugambwe UPRONA utsinze amatora yambere mu Burundi.

XS
SM
MD
LG