Uko wahagera

Ingorane Zidahera mu Gisata c'Indero, mu Burundi


Umwaka w'ishure 2007-2008 watanguye ku musi wa mbere igenekerezo rya 17 ukwezi kw’icenda, watanguranye ingorane zimaze imyaka itatu. Kuva umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, ashinze ingingo yo kwigisha abana bo mu mashure y'intango ku buntu, ingorane z'abarimu, inyubakwa, n'ibikoresho bindi zabaye umurengera. Niko zagiye ziragabanuka, ariko n'ubu ingorane zijanye n'ubukene bw'amahera ziracariho.

Umwaka w'ishure utanguye ubushikiranganji bujejwe indero butarashora kuronka amafaranga yo guha akazi abarimu ibihumbi bitatu n'amajana atanu: ibihumbi bibiri bo mu mashure matomato, n'igihumbi n'amajana atanu bo mu mashure yisumbuye. Ikete ryo gusaba ayo mafaranga ryararungitswe m’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta, ariko n'ubu inyishu ntiraboneka.

Ingorane zindi zerekeye ibitigiri vy'abanyeshure bibandanya vyiyongera. Mu mashule atari make, cane cane mu myaka ya mbere, abana barenga mirongo umunani bigishwa n'umwarimu umwe, mw'ishure yari ikwiye kwigamwo abana mirongo ine gusa. Abana batanu bicara ku ntebe imwe kandi bagasangira igitabo kimwe gusa. Abavyeyi n'abandi bakurikirana ikibazo c'indero, baremeza ko ivyerekeye indero vyasubiye inyuma cane mu Burundi.

XS
SM
MD
LG