Uko wahagera

Umutekano Muke mu Ntara ya Bubanza


Umuntu umwe yari yasavye indaro ku musozi wa Ndava, muri komine Rugazi, mu Ntara ya Bubanza, yarishwe mw'ijora ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, igenekerezo rya cumi, ukwezi kw’icenda. Ico gitero cagizwe n'abantu bitwaje ibigwanisho batarashobora kumenyekana, kiremezwa n'abajejwe intwaro aho mu Rugazi.

Abajejwe umutekano n'abajejwe intwaro mur’ako karere bavuga k’uwo muntu yakuwe mu bandi aho yari yatse indaro bariko barafungura igihe c'isaha imwe n'inusu y’ijoro n'abantu bambaye impuzu za gisirikare bafise inkoho baca baramurasa, ariko ngo nti bamenyekanye kuko baciye bagenda.

Abanyagihugu bavuga k’uwo yishwe yagirizwa kuba akoresha uburozi, mbere ngo akaba yaramaze no kubipfungirwa ariko mu nyuma akarekurwa. Uwo muntu yari yavuye ku Mpanda, imwe mu zindi komine zigize intara ya Bubanza.

Abajejwe intwaro n'umutekano bavuga ko kuva ukwazi kw'icenda gutangura, abantu batatu bramaze kwicwa bagirizwa uburozi.

XS
SM
MD
LG