Uko wahagera

Impungenge z’Uwuserukira Umuhuza n'Uwuserukira Ishirahamwe rya Afrika i Bujumbura


Inyuma y'intambara zabaye mu ntango y'iyi ndwi, mu makaritiye abiri y'igisagara ca Bujumbura yahitanye abantu barenga mirongo ibiri, ibiro vy'umuhuza hagati ya reta n'umuhari Palipehutu FNL vyamenyeshje ko ivyabaye bibabaje, kandi ngo birashobora gusubiza inyuma igikorwa co gushira mu ngiro amasezerano, igikorwa cari gisanzwe carahagaze.

Steven Marumo, aserukira umuhuza Charles Nqakula, hagati ya reta n'umuhari FNL, akaba ari nawe atwara umugwi wari ujejwe gushira mu ngiro amasezerano, avuga ko ivyabaye ari ingorane ziri hagati mu muhari, kandi ngo inyishu zitegerezwa gutorerwa umuti n'abarongoye Palipehutu FNL. Ibiro vy'umuhuza ngo bibandanya vyemeza ko Palipehutu FNL ari imwe ya Rwasa Agathon, kandi ko ariyo bazobandanya baganira. Ivyo biro bisaba impande zose kwubahiriza amasezerano.

Ambassadeur Mamadou Ba aserukira ishirahamwe rya Afrika i Bujumbura nawe avuga ati "mu Burundi ubumwe n'ukurekuriranira biracari nk'indoto...". Mamadou Ba ngo nti bimutangaza kubona abagwanyi ba Rwasa Agathon bacanamwo, naho uwo muhari ngo wasa n'uwuri hamwe, ngo kuko biramaze kuba nk'umugenzo mu Burundi. Kuva kera ngo hamye haba ugucanamwo, haba mu migambwe canke mu mihari.

Intambara zabaye mu ntango z'iyi ndwi hagati y'abagwanyi ba Rwasa Agathon n'abavuga ko bamwiyonkoyeko zibukije ivyabaye mu mihari yindi canke imigambwe. Palipehutu yavutse mu myaka ya 80, ihava ivyara Palipe-Agakiza, FNL-Icanzo n'ishami ry'uwitwa Gatayeri. CNDD yavutse mu 1993 ishinzwe na Leonard Nyagoma, mu nyuma ivyara CNDD, Kaze-FDD, na CNDD-FDD. Mu migambwe naho, muri UPRONA amashami agiye kuba atatu. Atagikozwe muri FRODEBU havugwa FRODEBU ya Minani n'iya Leonce. Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko mu Burundi hari umugera wo gucanamwo mu bantu. Abahutu n'abatutsi bama bariko baricana kandi basangiye igihugu kimwe, ururimi rumwe n'ubukene bumwe.

XS
SM
MD
LG