Uko wahagera

Ugwego gwa Gisirikare Ruremera Ikosa ryo Kudakingira Abanyagihugu.


Mu kiganiro umushikiranganji wo kwivuna abansi, Jenerari Majoro Germain Niyoyankana, yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru, yaremeye ko igisoda kitavyifashemwo neza mu kutaja hagati y’imigwi y'abagwanyi ba Rwasa Agathon n'abavuga ko bamwiyonkoyeko, igihe batana mu mitwe mu makaritiye ya Kinama na Buterere, m’uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura. Irindi kosa ngo n'uko reta n'ugwego gwa gisirikare baretse abo bagwanyi bakaba mu bibanza biri hafi na hafi.

Uwo mutegetsi wa gisirikare yavuze ko bagiye gutorera inyishu yihutirwa ikibazo co gushira kure na kure abo bagwanyi. Ikindi kibazo kigiye gutorerwa umuti, ngo n'ukurushirizaho gucungera umutekano w'abanyagihugu. Igihe abagwanyi bamwe bamwe batangura kwikura kuri Rwasa kw'igenekerezo rya 18 ukwezi kw'umunani, hanyuma bakiha ikibanza muri Komine Buterere, abanyagihugu bamenyesheje ko bafise impungenge ku kibazo c’umutekano. Eka na Musitanteri w’iyo komine yari yasavye ko borondererwa ikindi kibanza.

Intambara igitangura, umuvugizi w'igisoda, Riyetena Koroneri Adolphe Manirakiza yari yabwiye abamenyeshamakuru ko abasoda badakeneye kwisuka mu ntambara z'aba FNL bigwanira. Mu duce twinshi tuvugwamwo aba FNL, no ku mabarabara, abanyagihugu baraterwa, bakongera bagasahurwa iyo batishwe. Kenshi na kenshi bavuga ko abajejwe umutekano batabakingira bikwiye.

XS
SM
MD
LG