Uko wahagera

Ubuhindi Bumaze Kugira Intambwe Zikomeye mu Vyerekeye Ubutunzi


Mu ndwi iheze igihugu c’Ubuhindi carahimbaje imyaka mirongo itandatu irangiye gishikiye intahe y’ukwikukira, benshi muri ico gihugu bakaba barahayagije intambwe mu vyerekeye ubutunzi. Abandi barerekanye amakenga ku vyerekeye gukwiragiza inyungu zivuye muri ubwo butunzi mu bantu imilioni n’imilioni bakiri mu bukene.

Imbere y’imyaka y’1991, abategetsi b’igihugu c’Ubuhindi bari bashimikiye ku vyerekeye kwubaka igihugu kirangwa n’ubutunzi bwisunga ivyiyumviro vya gisosiyaliste aho bari bafise umwizero w’ugukura igihugu c’Ubuhindi mu bukene. Umugambi bashaka gushikako kwari ukwikwiza. Ubuhindi bwashaka guhingura ibidandazwa vyabwo, n’ukugumiza abanyamitahe b’abanyamahanga hanze y’igihugu. Ico vyatanze nuko Ubuhindi bwashizeho amahinguriro adashobora guhiganwa, igisata ca Reta kidakora neza, n’urugero ruri hasi rw’ukwiyongera kw’ubutunzi.

Yamara ibintu vyarahindutse mu mwaka w’1991, igihe Ubuhindi bwari hafi y’ukudashobora kuriha amadeni bwari bufitiye amahanga. Ico gihugu caciye gitangura kwugurura ubutunzi bwaco, mu vyatumye ubutunzi bw’ico gihugu buhinduka bikomeye cane. Gutunganya gushasha ivyerekeye ubutunzi vyahaye inguvu abikorera ku giti cabo b’abahindi n’abize amashule.
Abantu ntibacirukira Amerika canke Ubulaya. Abakiri bato bafise akazi muri iki gihe baragura amamodoka, za televiziyo, n’ibindi bintu bizimvye kurusha uko abavyeyi babo bari babifitiye uburyo.

Yamara inyungu z’iterambere rikomeye ry’ubutunzi bw’Ubuhindi ntizirashikira abantu bakenye. Abantu imilioni n’imilioni babayeho bakoresheje musi y’idolari ku musi. Igihe umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Manmohan Singh yashikiriza ijambo kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kw’umunani, umusi w’ukwibuka intahe y’ukwikukira, yaramenyesheje ko igikogwa nkenegwa ari ugufasha abanyagihugu iterambere ririko risiga inyuma. Yatangaje ko Ubuhindi buzoshikira ubwigenge n’ukwikukira nyakuri igihe buzoba bwikuyeko ubukene.

XS
SM
MD
LG