Uko wahagera

Inama i Bujumbura y'Abarongoye Inzego z'Igipolisi mu Bihugu vyo m'Ubuseruko bwa Afrika


Ku wa mbere igenekerezo rya 27 ukwezi kw’umunani, abatwara inzego z'igiporisi mu bihugu cumi na kimwe bigize Afrika y’ubuseruko: Uburundi, Urwanda, Kenya, Tanzania, Republika ya Congo iharanira Demokarasi, Ubuganda, Soudani, Ethiopia, Erythrea na Djibouti bahuriye mu Burundi, mu nama idasanzwe yo gutsimbataza umutekano mur'ivyo bihugu.

Mu misi ine iyo nama izomara bazorabira hamwe ivyerekeye umutekano mu bihugu vyabo, bongere bafate ingingo zijanye no kugwaniriza hamwe abagizi ba nabi. Igikomeye bagiye gushikako, vuba ko ari ukuzohanahana abakoze amabi, iyo bahungiye mu kindi gihugu. Bitegekanijwe ko ku musi wa gatanu abashikiranganji bajejwe umutekano n'igiporisi bazohurira nabo nyene i Bujumbura, kugira ngo bemeze ku rwego rwo hejuru, ibizoba vyapfunditswe.

Uko ibintu vyama bigenda, abagizi ba nabi bava mu Burundi bakirukira mu Rwanda, hanyuma bakabandanya m’Ubuganda iyo badafashe izindi nzira. Mur’iki gihe, m’Ubuganda havugwa abarundi benshi bahunze bagirizwa ubwicanyi canke ubusuma. Kandi no muri Tanzania canke muri Congo nikwo k’uko.

Uretse ibihugu vya Kenya, Tanzania, n'Urwanda, ibindi bihugu biracavugwamwo intambara canke imidugararo y’imigwi igwanya reta. Ivyo bigashobora gutuma umugambi w'iyo nama utoroha gushikako.

XS
SM
MD
LG