Uko wahagera

Ingaruka z'Ubushinwa ku Butunzi kw'Isi


Benshi mu bakwirikirana ibintu bavugako iterambere ry’ubutunzi ritera rikomera mu gihugu c’Ubushinwa biriko birahindura ukugene ubudendaji bugenda kw’isi. Mu gihe bamwe bavuga ko imigambi yerekeye ubudandaji n’ifranga y'Ubushinwa bigira ingaruka mbi, hari abandi bavuga ko iyo migambi kenshi ifitiye akamaro ibice biteye imbere n’ibice bitaratera imbere vyo kw’isi.

Abantu bose barazi ko Ubushinwa ari igihugu kiriko gitera imbere ningoga. Ubutunzi muri ico gihugu bubamze imyaka irenga mirongo ibiri bwiyongera cenda n’igice kw’ijana. Ku bw’ibiharuro bimwe bimwe bitangwa, ubutunzi bw’igihugu c’Ubushinwa buza ubwa kabiri kw’isi inyuma y’ubutunzi bwa leta z’unze ubumwe bwa Amerika.

Kugira Ubushinwa bubandanye iterambere ryabwo rikomeye mu vyerekeye ubutunzi, ico gihugu kiragura ibidandazwa bidahinguye bitari bike. Ivyo biza vyaragiriye akamaro ibihugu vyo mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko.

Yamara Leta z’unze ubumwe za Amerika n’Ubulaya biranebagura imigambi y’igihugu c’Ubushinwa. Abategetsi ba Amerika bararemereye abategetsi b’igihugu c’Ubushinwa kugira basubiremwo ivyerekeye agaciro k’ifranga rya Yuan, kagumizwa hasi mu buryo budakwiriye.

Ingaruka mbi z’iterambere rikomeye ry’Ubushinwa zibonekeza cane cane ku bidukikije haba mu Bushinwa canke kw’isi. Yamara naho ari uko, abitegereza ibintu bavuga ko bitegekanijwe ko ukwiyongera kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubushinwa kuzobandanya kwihuta mu myaka itari mike iri imbere.

XS
SM
MD
LG