Uko wahagera

Ikibazo c'Ibiturire Kirabandanya Kuvugwa Cane mu Burundi


Ikibazo c’ibiturire kibandanya kubica bigacika mu Burundi. Mu kiganiro Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere, yahaye Ijwi rya Amerika, yamenyesheje ko ibiturire bibangamiye bikomeye igihugu. Avuga ko ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi ryasanze ko kuva mu mwaka w’1998 gushika muri iki gihe mu Burundi, hamaze kunyuruzwa imilioni ijana na mirongo itanu n’icenda y’amadolari y’abanyamerika n’ukuvuga imiliaridi ijana na mirongo itanu n’icenda y’amafranga y’amarundi.

Ku bwa Zenon Nicayenzi, ngo umuntu aravye uku Ubrundi bungana, ngo ayo mafranga ni menshi cane. Ngo iyo agakoreshwa neza yari kugirira akamaro kanini abarundi. Amenyesha ko ayo mafranga yanyurujwe n’abarundi ngo kandi menshi ari hanze y’igihugu.

Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo bijanye n’ubutunzi n’iterambere avuga ko amashirahamwe yigenga mu Burundi yafashije kwubura ubwo busuma abicishije ku maradiyo yigenga. Avuga ko mu ntango abategetsi bica amatwi ngo yamara muri iki gihe barahavuye baratangura kwumva akamo katewe kubera n’abanyamahanga bafasha Uburundi nabo nyene babonye ko ibintu vyarenze inkombe. Yibaza ko ayo mashirahamwe yigenga n’abanyamahanga bafasha Uburundi batereye agacumu k’ubumwe.

Zeno Nicayenzi abandanya avuga ko kubera ikibazo c’ibiturire cabaye ndanse, ngo Uburundi bugiye kuba nk’ibihugu bimwe bimwe vya Afrika vyatembejwe n’abategetsi. Ngo ingaruka ivyo bizogira ku bandanyagihugu ntizigira uko zingana. Ngo ibintu vyose vyari bigenewe abanyagihugu ntibizoshobora kuboneka mu gihe amafranga yari abigenewe anyurujwe.

XS
SM
MD
LG