Uko wahagera

Umukuru w'Ibanki Nkuru y'igihugu mw'Ibohero.


Jean Isaac Bizimana yahora atwara
Ibanki Nkuru y'igihugu BRB yatawe muri yompi kur'uwu
wa gatandatu igenekerezo rya kane ukwezi kw'umunani.

Urupapuro rumuhagarika rwashizwe ko umukono
n'umushikirizamanza wa Repuburika Elyse Ndaye. Abaporisi
baruzindukanye kare cane aho Isaac Bizimana aba,
bakirwa n'abakozi, bati turakeneye umukoresha wanyu
nabo bati aracaryamye, abaporisi basubiza bati mubwire
avyuke birihuta ntituva aha tutamutwaye. Sebuja wabo
avyutse yashikiye mu minwe y'abaporisi baca bamutwara
ku mushikirizamanza mukuru wa Repuburika aho yamaze
umwanya muto cane imbere yuko atwarwa mw'ibohero ryo mu
mpimba.

Elyse Ndaye ariwe yatanze itegeko ryo kumuhagarika nta
na kimwe arabwira abamenyeshamakuru n'abandi bantu
ariko inkuru ziva mu bamwegereye zivuga ko Isaac
Bizimana yafashwe kubera uruhara rwiwe muri ya dosiye
y'ishirahamwe Interpetrol.

Tubibutse ko raporo y'ubugenduzi bukuru bwa reta
iherutse gusohoka yavuga ko Interpetrol yarishwe
amafaranga y'umurengera, Reta nayo ikaba ngo
yahahombeye amafaranga yababa imiriyaridi cumi na
zitanu. Raporo yavuga ko umukuru w'Ibanki Nkuru
y'igihugu yari abifisemwo uruhara.

Isaac Bizimana yarungitswe mu mpimba yari yatanguye
kuba umuhanuzi ajejwe ivy'ubutunzi mu biro kwa
perezida imbere yuko ashingwa gutwara Ibanki Nkuru ya
Repuburika. Isaac Bizimana yari yaje ava mu gihugu ca
Canada inyuma y'intsinzi y'umugambwe CNDD-FDD ari nawo
yarimwo.

XS
SM
MD
LG