Uko wahagera

Igipolisi c'Uburundi Carugarije Inka z'Abanyamulenge


Inka zirenga ibihumbi bibiri
z'Abanyamulenge bahungiye mu Burundi zimaze imyaka
ishika ine ziri ahitwa BINYANGE mu ntara ya Cibitoke
hafi y'urubibe Uburundi buhana n'ibihugu bibiri:
Urwanda na Kongo iharanira Demokarasi.

Bene izo nka arizo mpunzi bahavuye barungikwa kure
y'urubibe nk'uko amategeko agenga impnzi abisaba.
Benshi mu borozi barungitswe mu ntara ya Mwaro hagati
mu gihugu ariko inka zagumye mu ntara ya Cibitoke,
impunzi zica zirondera abungere.

Kuva izo nka zishika haravuzwe amatati hagati
y'aborozi n'abarimyi. Inka zarona cane mu
mirima, kenshi bene imirima nabo mu kwihora barasuka
aho inka zirisha umuti wica bita "Sumu ya Panya".
Kenshi mbere inka zarapfuye.

Amatati akunda kwaduka hagati y'abarimyi n'aborozi ngo
niyo yatumye ahanini Buramatari wo mu Cibitoke
arungika abaporisi kur'uwu w'Imana gukikuza ahaba izo
nka. Abungere bamaze kubona abaporisi bafise
ibigwanisho baciye bikora kuyo bameze barahunga, inka
zica zisigara ziragijwe n'inkoho mu kibanza c'inkoni.
Abanyamulenge bororera aho mu Cibitoke basaba Uburundi
kwubahiriza uburenganzira bw'impunzi n'ivyazo.


Inyuma y'amatati, abanyamulunge
bavuga ko hariho abipfuza ko impunzi zogurisha izo
nka, Abarundi bifitiye amahera bakazigura amahera
abayabaye kuko Abanyamulenge bategekwa kuzisubiza muri
Kongo ngo bidashoboka. Iyo baje bava mu turere twa
Minembwe, Bwegera na Mutarure bavuga ko hakiriho
intambara.

Iciyunviro c'uko izo nka zogurishwa kirashigikiwe na
Buramatari wa Cibitoke kuko ubwiwe aherutse kwugurura
isoko y'inka hafi cane y'ikibanza kibamwo izo nka.
Buramatari wa Cibitoke yarabwiye ubwiwe radiyo Ijwi
rya Amerika ko baguma barindiriye izo nka muri iryo
soko.
Muri HCR, ishirahamwe ryitaho impunzi bavuga ko bariko
baragerageza gufasha impunzi kuronka ikindi kibanza co
kwororeramwo.
Muri kamere k'Abanyamulenge inka zikundwa cokimwe
n'umwana.

XS
SM
MD
LG