Uko wahagera

Abanyafrika Baja Kuba muri Amerika


Abanyafrika bagiye kuba muri Amerika cane cane ababayo batabifitiye uburenganzira, barahanzwe n’ ingorane nyinshi .


Integuro y’ itegeko riheruka gushikirizwa, ryari guha abantu barenga imiriyoni cumi na zibiri baba muri Amerika mu kinyegero uburanginzira bwo kubayo biciye mu mategeko, ntiyemejwe n’ inama nshingamateka. Intara zitari nke zo muri Amerika zikaba zaciye zirahira ko zizohiga abo bantu bita ko baba muri Amerika batabifitiye uburenganzira, abantu bita “ Illegal Aliens”.

Mur’ abo bantu, harimwo abana babiri bavukana b’ Abarundi, Crista na Ivan, bagiye muri Amerika kuri visa y’ abanyeshure hanyuma bashitse baca basaba ubuhingiro. Abo bana bavuga ko uko biyumvira ubuzima bwo muri Amerika batarajayo atariko bumeze, bavuga ko bugoye cane.

XS
SM
MD
LG